26 April 2009

Umugorigori: Mtabila Breweries Ltd.

Ntivyama vyoroshe kuronka akazi; ariko ubushakashatsi (créativité) ni
ikintu gikomeye mubuzima. Aha ni kuri brasserie y'inzoga bita
umugorigori, mw'ikambi ya Mtabila-Tanzania. Akazi gakorwa kugira
inzoga ihingurwe karavuna ariko abagakora karabatunga kurusha uwureze
amaboko, mbere no kurusha benshi bakora ubuzi mumashirahawe
mpuzamakungu afasha impunzi akorera hano mw'ikambi.

No comments:

Post a Comment