17 June 2009

Voluntary repatriation in Mtabila=guhunguka vyanse bikunze. "NO WAR IN BURUNDI=PEACE TO EVERY BURUNDIAN?"

Ikambi y'impunzi z'Abarundi ya Mtabila itegerezwa kwugarwa itariki
30/6/2009. Hasigaye imisi 13 gusa, ariko ikambi iracarimwo impunzi
zirenga 35000. Ni igiki kizokorwa none kugira zibe zahungutse zose
mundwi zibiri zisigaye? Zoba zirindiriye guhunguka kunkoni nk'uko vyagendeye Abanyarwanda bari i Benaco mu 1996? Icibonekeza ni uko hariho impunzi nyinshi zitariyumvamwo guhunguka kubushake n'aho atamwanya zisigaranye wo kwiyumvira, kandi atakindi zifise zohitamwo. None ikibuza izo mpunzi gutaha ni igiki ko intambara yahagaze mu Burundi amahoro akaba yarabonetse? Hano mw'ikambi bivugwa ko impunzi zireka gutaha kubera zifise ikizigizigi c'uko HCR izozitwara muri Amerika, Australia canke i Buraya. Ariko impunzi ziramaze kugabishwa kenshi cane ko ivyo kuja muri ivyo bihugu vyo hanze bitakiriho, ko inzira isigaye ari uguhunguka munzira bita kubushake. Mbere ziramaze no kugabishwa ko ivyo guhunguka kubushake bizoteba bigahera, kandi ko inyuma ya 30/6/2009 nihaba hakiriho impunzi zitarataha bazokwicara bakaraba uko bozaka uburenganzira bwo kwitwa impunzi hanyuma amategeko ya Leta ya Tanzania azifate. Bitegekanijwe kandi ko kuva 01/7/2009 Mtabila izoba ari ikambi y'abasoda. None ko impunzi zidataha, ivyo vyose ntizivyumva? Kugira impunzi zivyure umutima wo kwiyandikisha ngo zihunguke kubushakwe bw'agahato HCR na Leta bagenda barazifatira ingingo zo kuziturubika kugira zite umutwe. Zimwe muri izo ngingo ni nko kuzibuza gukora ibikorwa vyinjiza amahera, kwugara amashure, gusenyura ibigega vy'imfungurwa, etc. Ubu ikigezweko ni ukuzisenyurirako utuzu zabamwo, amazone zabamwo akaba afuswe. Ayo mafoto yerekana impunzi zimuka ziva muri zone E kubera yafuswe. Muri izo mpunzi zimuka harimwo izari zimaze indwi 2 gusa zimukiye muri iyo zone zivuye muyitwa AC yaheruka gufutwa. Zari zikiriko zirubaka none zihavuye ubuzu bwazo butaribwuzure. Zimukira mumazone nayo nyene asigaje imisi mike cane ngo asambuke, kandi naho zishika zubaka. None izo mpunzi ni ubujuju buzitwara uko canke zirafise igituma gikomeye gituma zishima kubandanya kuba hano naho ari habi! Ikambi imaze hafi imyaka 15 ishinzwe. Muri iyo myaka yose ibintu HCR yazifashishije ni imfungurwa, imiti, amazi, utuzu two kubamwo n'amashure mato mato gusa. None umuntu wamutunze uko imyaka 15 yose ntuba waramwononye? Ko bavuga ngo haguha umuntu ifi womwigisha kwirobera, ni ikihe kintu HCR yigishije izi mpunzi cotuma inyuma y'imyaka 15 ziyumvamwo ko zishoboye kwimenya kuri buri kintu mugihe zoba zitakiri mumaboko ya HCR? Ivyarivyo vyose, biraboneka ko kuba izi mpunzi bizinanira guhitamwo gutaha ari ingaruka mbi y'uko HCR yazitunze muburyo butajanye n'igihe tugezemwo, igihe ca science na technologie, aho ibintu twakora kera de façon naturele bigakunda bisaba ko turinda gukoresha ubumenyi n'ibikoresho bihambaye.

1 comment:

  1. Turasavye aba-procureurs canke aba- avocats b'abarundi bakunda Uburundi n' abarundi cane cane impunzi ngo bakore uko bashoboye bitwarire UNHCR mw' izina ry' impunzi z' abarundi bose bimwe uburenganzira bwazo cane cane mukugara amashure mukubagirira ihonyabwenge ngo ntibazopfe bagize ico bavamwo, mu kubapfungira mu nkambi( ataho bitaniye na za nkambi z' abanazi), u kubatera ubwoba kandi arib bari bashinzwe kubakigira ect...
    UNHCR Geneve iraboneka neza ko itazi ibibera kuri terrain! Hakwiye kugiwa recensement y' impunzi zagiriwe nizirko ziragirirwa ayo mabi yose, hanyuma hakaronderwa abashingwamanza babafasa kwitwarira UNHCR mu ntumbero yo kubaha uburenganzira bwabo no kubaha impozamarira ihuye n' ibibi yabakoreye kandi ikariha umuntu umwe wese kugiti ciwe kuko nakare yemerera umuntu umwumwe wese kumwakira nk' impunzi kugti ciwe ikurikije uko yisiguye(individuel interview).
    Ndasaba iki ciyumviro ntimugifate minenerwe, ahubwo umwe wese yige ingene coshirwa mu ngiro.
    Muzobaze ingene impunzi zo mubindi bihugu zifatwa neza na UNHCR, muzoca mubona neza ko hari agahaze mu UNHCR yo EAST AFRICA!!!

    Murakagwira!

    ReplyDelete