27 June 2009

Ihunguka?

Mugihe vyari vyitezwe ko ikambi ya Mtabila yobaye yasambutse kw'itariki
30/6/2009, impunzi ntakimenyetso zerekana c'uko zari ziteguriye kuba
zahavuye imbere y'uko iyo tariki ishika.
Izo basenyuriyeko amazu ziriko zirubaka, izindi ziriko zirarima
mumyonga aho zizotera imboga!!! Muri iyi ndwi hari agacerere
kadasanzwe kubera ibikorwa vyo kuzihatira kuja kwiyandikisha ngo
zihunguke ntivyabaye. Ako gacerere umwe wese yibaza ico kazovamwo, none BBC yatangaje ko ingingo yo kwugara ikambi kuri iyo tariki yahagaritswe.

No comments:

Post a Comment